IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYENICUBAHIRO VARISITO NDAYISHIMIYE KU MUSI WO GUHIMBAZA IMYAKA 30 IHEZE ABARUNDI BITOREYE AMASEZERANO Y’UBUMWE BW’ABARUNDI.

@Burundibwiza.com itariki 04 Ruhuhuma 2021.

1. Imbere ya vyose tubanje gushimira ImanaMushoboravyose yo yatuzigamye, tukaba dushitse unomusi Ubumwe bw’Abarundi butakiri akarimi.Iyo Mana Nihabwe icubahiro, kuko inzira twaciyemwontiyari yoroshe.

2. Turipfurije umusi mukuru mwiza Abarundi bose,tuwuhimbaze mu kwigira inama yo kwunga ubumwenya bumwe atari ubwo ku rurimi gusa ;Ubumwe bugaragarira mu rukundo no mu ngiro, canecane mu gusangira ikivi n’ikigega.

3. Twashimye guhimbaza uwu musi mukuru twisunzeicivugo kivuga kiti:«Ubumwe bw’ukuri bwungwa no gusangiraibikorwa n’umwimbu». Ni muze rero dukorere hamwe, tugwize umwimbu, kukodufise umwimbu mwinshi dusangira, ntitwosubirakwitana ibisambo.Barundi benewacu.

4. Ubumwe bw’Abarundi turiko turibuka uyu musi,ntihagire uwujuragirika mu kwibwira ko bumaze imyaka30.Ubumwe bw’Abarundi bumaze imyaka igihugu cacukimaze citwa Uburundi.Kuva kera na rindi Uburundi bwamye ari igihugu cunze,kigizwe n’Abarundi basangiye vyose, bafise Ubumwebw’intacika.

5. Uno musi mu guhimbaza ubumwe bw’Abarundi, niukugira twibuke ko haje ba gateranya,turasubiranamwo ; ni kugira kandi tuze turibukan’ingaruka mbi vyatuzaniye kugira ngo twisuzume, twicuze, twihane kugira iryo bara ntirigasubire mugihugu cacu.

6. Duhimbaza uyu musi kandi kugira ngo twibuke umusitwisubirako mu 1991, inyuma y’imyaka irenga ibiri twaritumaze twisuzuma, turaba ingene twova mu ndyanezari zanyoshe Abarundi.Uyo musi w’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 1991 ni hotwafata ingingo yo gupfundika amasezerano y’ubumwe bwacu bwari bwarasambutse.Tuwibuka kandi kuko twabonye mu Burundi hakiriho abantu bagifise akarezareza, bakirota babona Abarundi basubiye kuryana, kugira tugume tubibutsa ingaruka z’amacakubiri, babone gucira imoso ako kabi, nabo bashobore kuvuga bati : « ntirigasubire, si jenohahera, hohera iyo mpwemu mbi iryanishaabavukana ».

7. None rero, benewacu, turyumeko kuko biragaragara koubumwe bw’Abarundi bwamyeho kuko imbere y’umuzow’abanyamahanga, ntaho twigeze twumva canke ngodusome mu vyanditswe ko hoba hari ahavugwa koUbumwe bw’abasokuru bwoba bwarigezebuhungabana.Mu ntwaro, ntitwigeze twumva aho bagabanganauburongozi bafatiye ku bwoko kuko mu migenzoy’Uburundi, « Umutware atwarira bose, agatunganirizabose ».Ego hari ivyo twumvise.Twarumvise ngo abo mu nda y’Ingomabasubiranyemwo ; ariko abo nabo baba bapfaubutegetsi, ariko ntivyaca bikwega iyindi miryango ngoicanemwo.None uno musi, abapfa ubutegetsi bama bashakakubikwegeramwo n’abatipfuza kuba n’umukuruw’umutumba.

8. Kuri uyu musi, reka kabe akaryo rero ko kwibukanyamu majambo make ingene Ubumwe bw’Abarundi bwaribwifashe mu mateka y’Uburundi, imbere y’umuzow’abanyamahanga :

a) Mu bijanye n’umutekano, ubumwe bw’Abarundibwamye bwigaragaza iyo umwansi ateye igihugu.Naho yaba afise inkomezi zingana iki, uwuteyeigihugu yagwanirizwa hamwe n’Abarundi bose, ntan’umwe yijijanya imitima canke ngo yidohore hagezekurwanira igihugu.Ndetse no mu gihugu hagize uwumenja ku Mwami,yacibwa na bose, bakamucira umukenke,bakamuharira ivomo.N’umusuma ari umusuma, ntiyava ku mutumba ngoahungire ku wundi ; ikigeramiye umwe cabakigeramiye n’uwundi.

b) Mu vy’intwaro no mu mibano, Abarundi bose baribungiwe ubumwe n’Umwami umwe, Sebarundi ;Imana imwe n’ukwemera kumwe, bakagira imico,imigenzo n’ururimi bose bahurirako.Ivyo ni vyo vyerekana ko twese twari bene mugaboumwe.

c) Mu vyerekeye iterambere, umugenzo wo guhindaikibiri cari kimwe mu bimenyetso vyerekana ugushirahamwe kw’Abarundi mu mibano yabo no mu kwitezaimbere mu kugwiza umwimbu.Eka no mu vy’uburaro, nta muntu yifasha kwubakainzu. Iyo hageze umwe wese yazana umugandawiwe, akazana n’amaboko.

d) Mu bijanye no gufatana mu nda, umwe agowe bosebaba bahuye n’ivyago, na kare “ntacica umukondongo gisige amara”.Ni co gituma aho hambere hahise umuntu agizeivyago inka zigakubitwa n’inkuba, ababanyibaramuvyukiriza, mbere akaronka n’ibiruta ivyo yariafise ; inzu yasha bagashwabaduka bose kuzimya,mbere itokombeye bose bayubakira hamwe.

e) Muri iyo nzira yo gufatana mu nda nyene, Abarundibari bazi ko agafuni kabagara Ubumwe ariakarenge : baragemuriranira, bagatererana,bakamariranira imanza.

f) Mu bihe bimwe bimwe nko mu muryangowavutsemwo amahasa, ubushuri, canke ingundu,Abarundi barabanguka cane mu gushigikiraumubanyi kugira ngo ntihagire uwubavamwo kuberaumunanu.Kanatsinda bavuga ko umwana atari uwumwe,umwana yari uw’Uburundi. Ni co gituma no munyifato, umwana yakurana indero ndundi koko.Indero, umwana yayifatira aho ageze, kuko uwukuzewese yari umuvyeyi.Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi,Umuntu yokwibaza ati : None vyagenze gute ngoAbarundi bacanemwo ?

9. Abakoroni bamaze gushika mu gihugu cacu ica mberecabatanganje kandi baca barashangashigwa, niurunani basanganye Abarundi rwo kugwaniriza hamweumwansi, barabona ko batazobagonda bafise ubumwenk’ubwo babasanganye.

10. Baratangajwe kandi no kubona ingene igihugu gitunganijwe mu ntwaro, mu mibano, mu butunzi, mumico n’akaranga kandi bo bavuga ko baje kudushira kumurongo.Ivyo ni vyo babonye nk’intambamyi zobabuza gushinga ubutegetsi bwabo, ni ko kurondera hasi hejuru inzira bocamwo kugira ngo bashike ku migambi yabo yogucura bufuni na buhoro Abarundi, no kubanyaga ivyabo babona.

11. Ngo akica urugo karuva imbere ; baciye bakorana n’abagumutsi Kirima na Maconco bari bagararije Umwami Mwezi Gisabo, gushika aho babaha intarabatwara mu ntumbero yo guca intege Umwami mukumwaka ubutegetsi no gucamwo igihugu imice.Gutyo baba baratituye iteka ry’umwami, mukaba muziko urugo rutagira umugabo atakitarukengera.Itembagazwa burundi ry’umwami Sebarundi ryabayeneza na neza igihe bamuteje igikumu ku nguvu ku cobise amasezerano y’i Kiganda yo ku wa 6 Ruheshi1903.Gutyo, Umwami aba ahebeye ubutegetsiabanyamahanga tudasangiye imico n’imigenzo ; kuvaico gihe tuba twinjiye mu butegetsi butitaho inezay’abenegihugu ; ata kindi kiburaza ishinga atari ukoAbarundi bariko bararyana.

12. Ni ngaho batanguriye kuvangura Abarundi, bigishako atari bamwe, ko bamwe ari abansi b’abandi, kobadasa, ko hariho abaciye ubwenge kuruta abandi, kohariho abaremewe gutegeka n’abaremewe gutegekwano gukora; amateka n’amabanga Igihugu caricubakiyeko barayasambura.

13. Kuva ico gihe intwaro yitaho ineza y’abenegihuguyari iciwe mu Burundi, vya vyiza vy’igihugu vyahorabiduhuza tukabisangira twese, vyaciye bibaivy’abanyamahanga ; Umurundi aherewe ku rushiakavyita igiha Mana, abataronse nabo bikabaterainzigo.Urwanko n’inzigo biba biratewe mu gihugu ;abanyamahanga baba bankishije Abarundi igihugucabo uko.

14. Uburundi bumaze kwikukira, aho twosubiranyebwa bumwe bwacu, uwari kubunagura ari weumuganwa atari umugani Rudoviko RWAGASOREbaciye bamugandagura bamusubiriza Abarundibamaze kumira akabuye k’amacakubiri batamitswe nabasesankuyoze.Inararibonye mu gihugu aho zotanze akarorero mugusanasana wa muhivu wunga Abarundi ahubwobagumye begenyeza riho indyane mu bantu.Abobaye abavyeyi b’igihugu ni bo baryanishaabenegihugu bafatiye ku macakubiri barazwen’abakavantara.Barundi benewacu.

15. Uburundi bwarapfunywe ariko ntibwapfuye,bwagiye buragwa buvyuka, Ubumwe ntibwagiyeakagirire.Naho twari twemeranije amasezerano y’ubumwebwacu, nticabujije ko n’ubundi abagwanira ivyicarobadukwegera mu bugesera aho kuva mu 1993Abarundi twasubiranyemwo, tutanazi ico dupfa.Ariko mu nyuma, Abarundi bahavuye babona ikirutaikindi, maze abanyepolitike bemera kwicara hamwengo basuzume bongere batorere umuti icanyosheAbarundi mu bumwe bwabo.Naho mu mitima yabo bari bubakiye ku macakubiriy’ubwoko, mbere bakitunganya mu migambwebahagaze mu bwoko, umuti badutoreye i Arushawarafashije kugarukana ubumwe bw’Abarundi.Ubwa mbere icari gikenewe kwari ugusubira kuronkaSebarundi adahagararira ubwoko, inzego z’umutekanozikingira bose, ubutungane butunganiriza bose.None nimurabe, uno musi nta migambwe igihagaze kubwoko, Abarundi ubu barabana badatinyanakanatsinda baramaze kumenya ko : « Bapfana ikibarutwa na bamariraniye iki ».Ndetse uno musi tuwuhimbaje dufise Reta mvyeyi,ikimenyetso c’umwizero ko bene Burundi batazosubiragucanamwo.

16.Uno musi ngira ngo nta n’umwe atabona ihindukaridasanzwe mu mibano y’Abarundi. Ivyo ari vyo vyose,kiretse bamwe twita ibinani, umwe wese areze kumutima, arabona ko ivyo arimye azobirya, inzu yubatseazoyibamwo.Ikimenyetso kitabesha ni ihunguka ku bwinshiry’Abarundi bari bataye baromoka, bata igihugucabavyaye.Uno musi ushitse twaragarutse kw’isoko ry’Ubumwe,tuzi igisumba ikindi ; ubu tukaba turiko turasibura inzirazari zarasivye, twirura n’imitima yahahamutse kuberaivyadushikiye.Ibitari bike biramaze kurangurwa, ibindi birikobirakorwa mu ntumbero yo kuzitira ico cose cosubiraguhungabanya Ubumwe bw’Abarundi.

17.Kugira ngo ubumwe twari twarabuze bugaruketwongere tububagarire ntibuze busubire guhungabana,si ikintu coroshe na cane cane ko abonse rimwebakoraniye icaha kibishe, icaha c’amaraso.Ariko ntihagire uwogira ubwoba, musubize umutimamu nda kuko hasubiza hamwe abacanyemwo, kandihahaguruka uwari yicaye.Ni co gituma turiko turunga ubwo bumwe tutibagira nogusanura imitima kugira ntitugume turi imbohez’akahise kabi.

18.None birashoboka ko twibagira ako kahise kabi nk’ukoamasezerano y’ubumwe abidutegereza? Jewe ndishuye nti: “ego cane birashoboka”.Ariko tumenye ko kwibagira mu kirundi bidasigura guhanagura mu mutima ngo tubifate nk’uko ako kabikatigeze kaba. Kwibagira mvuga ni ugufata ko ibiba vyabaye arikouwahuye n’ivyo vyago tukifatanya na we,tukamuremesha, tukongera tukamuha icizere kobitazosubira.Ivyo navyo nta handi biva atari uko indongozi mugihugu zogendera ubuvyeyi koko, zikerekana ko abanab’igihugu ari abana b’igihugu koko ata n’umweakumiriwe.Abahuye n’ivyo vyago barasaba ko igihugu cemerakoko ko bahuye n’ingorane kandi kikifatanya na bo mukubaremesha.Abahuye n’ivyo vyaha vy’akahise barashaka na bogutekana bazi ko ababikoze bavavanuye n’ako gatima.Barakeneye kubona inzego z’igihugu zibizeza kobitazosubira kuko ahanini ababikoze bakoresha inzegoz’igihugu.

19.Ni co gituma Abarundi twahisemwo intwaro yaDemokarasi kugira ngo abenegihugu batwarwen’indongozi bizeye kandi bitoreye.Abarundi baratoye inzira yo gusubiza hamwe kugiraumwe wese agire umwizero wa kazoza.Ivyo bibonekera ku kugene bakirana umutimaw’ikigongwe abahuye n’ivyago bose ndetse n’abaribaranyazwe ivyabo bakabisubizwa ata guhotoranabigiyemwo.Iyo ivyanyegejwe bigiye ahabona, Abarundi baranezerabariko babazanya bati : « Ubwo abo babikoze baribakomeye mu mitwe yabo ? »Ivyo binyereka ko umwe wese yicuza kandi akaba arikoahanura abandi ngo ntirigasubire.Murumva ko n’ivyo bibi vyakozwe biriko bija ahabonaari inkebuzo ikomeye.Ni co gituma dushimira umugwi wo kumenya ukuri nogusubiza hamwe ku bwitonzi bariko barakorana,tukabasaba kubandanya muri iyo nzira birindagukomeretsa abahuye n’ivyago. Dusaba n’Abarundikureka gukekeza ababikoze kuko burya n’abomwosanga atari bo ari ishetani yari yabiziziye.Erega na bo baricuza.

20. Ubu turi mu gihe co gusubiza hamwe nk’abavukana.Mbega twobandanya twinubana ngo bitumarire iki kourima inzigo ukinovora intuntu ?Mu gihe tuba duhuje imitima n’inama, vyose tuvyakirirahamwe, tugaheza tukarima urukundo kandi ivyamwavyiza bica biboneka.Ni co gituma tubahimiriza uno musi gukorera hamwekugira dusangire imizi y’iterambere. Urunani mu makoperative ni icemezo kitabesha kotwagarutse ku karanga kugira ngo dutere imbere.Erega amakoperative, mu mvugo ndundi ntaho bitaniyen’ikibiri.

21.Muri make turavye, ivyo tumaze kwirangurira tutazeyeinze ni vyinshi kubera twibereye mu bumwe n’amahoro.Ubu nta n’umwe atabona umurindi turikomw’iterambere kubera dutekanye.Birahimbaye cane kubona Abarundi bagarutse kuri kakaranga k’abasokuru mu kubana mu mahoro, muguhana abageni, mu kugabiranira, mu gufashanya, muguhana indaro, mu gukorera hamwe imigambi yokwiteza imbere no guteza imbere igihugu, n’ibindi,…Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi.

22.Imbere yo gusozera twashaka tubatekerere impanurozituma ubumwe bwacu butsimbatara:Ubwa mbere, Ubumwe mu gihugu butsimbatazwan’intwaro ibereye.

Mumenye ko igihugu ari ryo tunga rikomeyerituvukanisha, kuko atawurirushamwo uwundi mubuzima.Indongozi rero ni zibe koko abavyeyi b’abenegihugu,zitunganiriza bose ata mwana n’ikinono. Zikore zitagirankunzi, Abarundi bose batunganirizwe.Ubutungane busabwa kutirengagiza urubanza ngo niuko uwukubitwa intahe ari uyu canke uriya, kudacaimanza za ngondagonde, ngo butunganirize uyu ngoburenganye uriya.

Abacamanza nibumve ko ata wokorerwa icaha ngontatunganirizwe kandi atawokora icaha ngokirenzweko uruho rw’amazi.Ubwa kabiri : Mu mibano yacu turangwe n’urukundorugenga ikiremwa muntu, kuko tururahura ku Mana.Mbere ndababwiye nti n’umwansi wawe mukunde, kukoni ho uzomugira umuntu, akurabiyeko.Niturondere ibiduhuza, tuvavanure n’inziraziduteranya.Ivyo na vyo bizobonekera mu gukorera hamwe,dusangira akabisi n’agahiye, dusangira ibikorwan’ikigega.Hagize abatera imbere kurusha abandi na ho, nibibukeko hari abasigaye inyuma, bahindukire babazamure.Ntimube nka babandi bavuga ngo : « Umukene nanyina aramwanka » canke ngo : « Uwukize akiraiwabo », mumenye ko ubunwa butamira ntibuguhebukoma induru ntiwumve.Tugwanye rero ubukene, kugira igihugu cacuntikizosubire kuzera inze, kuko uwutigaburirantiyigaba.

Murazi noneho kutigaba aho vyagejeje Abarundi, kukoumwe wese bamutegekera ku vyo bamuhaye.Ubwa gatatu : Dusavye Abarundi kugaruka ku micomyiza yamye iranga Abarundi kuko ari na yo itumatubona kumwe ibintu, umwe ntace muri iyi nzira ngouwundi afate iyindi.Aha twovuga nk’inyifato y’ubuntu, kumenya ikizira,gukunda igihugu, kuvugisha ukuri, gukunda ibikorwa,kwubaha abantu n’ivyabo, ubutwari n’ibindi.Tumenye ikizira kandi abakurambere bigishe abakiribato.Mu gihe twoyidohokako twosanga twarandutse imizidusanzwe duhagazeko tukibura iyo twibonye.Ubwa kane : Tuzirikane, tumenye ivyo twaciyemwo,tubone aho tugeze n’iyo twerekeza, twunge ubumwen’Imana maze bitubere inzira yo kwunga ubumwebwacu.Ivyadushikiye ni uko twari twiciye ku Mana, twigira kureka gatima mpanuzi k’ubuntu tuyikurako.

Tugaruke rero ku Mana, tube umwe nk’uko Imana ariimwe.Nihaba hakiri abafise Imitima ihumanye, imitimay’amacakubiri, nta nkeka Imana izoyuhagira, iyityororebabe abantu b’ubuntu babushitse.Kira noneho, ni twaba mu Mana, mutima mwerandaazotwosha dukore ibiroranye.Ubwa nyuma, twige kuja mu makanda y’abatubereyeimboneza mu kugumya wa muhivu utwungira ubumwe.Aha twovuga duhereye kuri basokuru batigezebabutirimukako, Rwagasore yatugarukaniye agatekak’igihugu twari twaranyazwe, Ndadaye yaharaniyedemokarasi izana intwaro inywanisha, Nkurunziza yakaburiye Abarundi gukunda Igihugu, n’abandi benshibiguze igihugu.Abo ni bo dukwiriye kuja mu makanda yabo, na kare“Uwufise ikimuri ntahakurira hasi”.

23.Twebwe natwe, nk’uko twiyaturiye kuba abaserukiraReta mvyeyi, Indongozi z’igihugu kuva ku rwegorw’Umukuru w’Igihugu gushika kuri serugo mumuryango, dutegerezwa kuba inkingi z’ubumwe mukumurikira abandi no mu kugendera iragi rya baSokuru.

24.Ku binyerekeye, nagira nsubire ndabamenyeshe iceseko mu gihe cose nzoba ndi Umukuru w’iri hangary’Abarundi, nta ndyane hagati y’Abarundinzokwemera ko zisubira mu Burundi.Uwuzokwumva afise ikimubakiye cotuma yita kurimugenziwe, araza anyiture nzomutunganiriza.Kirazira ko mu Burundi dusubira kwumva ngo konshavuye reka nice Abarundi, uwuzobikora naweamenye ko abarundi bakanuye, bazomufata hanyumaacirirwe urubanza abereye.

25.Mu gusozera, twashaka dusubire kubipfuriza umusimukuru mwiza ;Muwuhimbaze mubandanya muzirikana icivugocahariwe uyu musi:«Ubumwe bw’ukuri bwungwa no gusangiraibikorwa n’umwimbu».Muwuhimbaze mu rukundo ruranga abonse rimwe,abahetswe mu ngovyi imwe.Imana ihezagire Uburundi n’Abarundi, Imana ikomeze Ubumwe bw’Abarundi. Murakoze!

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait