Umushikirangaji w’iyinjira ry’Uburundi mukarere k’ubuseruko, urwaruka, inkino n’imicokama Amb NIBIGIRA Ezéchiel yagendeye intara nziza ya Bujumbura Komine Isare.

@Burundibwiza.com itariki 02.02.2021 / @Province Bujumbura /.

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 2/2/2021 umushikirangaji w’iyinjira ry’Uburundi mukarere k’ubuseruko, urwaruka, inkino n’imicokama Amb NIBIGIRA Ezéchiel yagendeye intara ya Bujumbura Komine Isare. Muri urwo rugendo yamanje kwifadikanya n’abenegihugu barwiriyemwo urwaruka mugutera imigano mu mwonga ugeramiwe n’amazi hakaguma habomagurika kuburyo atagikozwe hashobora gushikirwa n’izindi nyubakwa rusangi. Inyuma y’urugendo yaciye agira mu kigo CLAC na Centre pour jeunes d’Isare, yarakiriwe na nyakwubahwa musitanteri wa komine Isare, mw’ijambo ryiwe yarasavye ko hamwe hoboneka ibikorwa vyo kwubaka hokwagurwa ivyo bigo na cane cane centre jeunes, hasabweko hokwongerwa imashini hakana boneka na connexion internet. Yarangije ijambo ryiwe ashimira umushikirangaji ko bamukengurukira kuva ku mwonga gushika kumusozi hejuru kubatera iteka.Nyakwubahwa umushikirangaji Amb NIBIGIRA EZÉCHIEL mw’ijambo ryiwe yashimiye aba nyesare ingene bamwakiriye. Ati uru rugendo rufise intumbero zibiri: 1) Gushigikira umugambi EWE BURUNDI URAMBAYE hakaba hatewe ibiti vy’imigano ahari igihomoka kibangamiye ishure rikuru rya komine ryo mu Rushubi.2) Kugendera ibigo vy’urwaruka biri baho mw’Isare. Ati ikigo CLAC kirateye igomwe kubitabu bitari bike. Ugereranije mubindi bigo biragaragara ko CLAC Isare iza ubwa mbere mubindi bigo CLAC. Uru rugendo ni gutangura isekeza ryo kugendera ibi bigo. Ati twahereye hano kubera bibonekako biza imbere.Yabandanije mw’ijambo ryiwe ashimira nyakwubahwa musitanteri wa komine Isare kuko abikurikiranira hafi. Ati kuvyo yabonye bibura, nihagira ico atsitara ko azokwibuka ivyo bigo. Yarahamagariye urwaruka rwame ruza kuraba ibi bigo ,gusoma ibitabu, bakurikirane amakuru bareke ku marigara ariko baze gusoma ibi birabu bitari bike.Imbere yo kurangiza yahamagariye abaraho bamuteze yompi gukurikiza ingingo zose zafashwe na Reta kugira dutuze ikiza covid 19. Yarangije ashimira abajejwe intwaro kukuntu babakiranye igishika. Ibirori vyarangijwe n’igisabisho.

Mw’Isare, NIMUBONA Alexis.@Province Bujumbura

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait