Inguvu zo kwihangana z’umuririmvyi Marechal Femidejabat mu rugendo rutoroshe.

@Burundibwiza.com itariki 04 Munyonyo 2020.

Ni irihe sano riri hagati y’ukuvuka n’ugupfa? Mu bisanzwe, twoshobora kwibaza. Ariko, ubwo nyene, nk’ukwo banmwe bovuga, hari umunezero n’umubabaro. Mu nyuma, uzokwumva abenshi bavuga bati ni ubuzima. Ubuzima ni bwiza naho rimwe na rimwe bugoye. Ni aho uwari we wese, gutangura no kurangura vyose. Mu bisanzwe, ni ukurangura ikintu kidasanzwe mu gihe imyaka imeze nk’ubumuga aho yobaye umuhezagiro.

Aha ni Ferisiyano MINANI NSENGIYUMVA azwi kw’izina ry’ubuhizi rya “Maréchal Femi de J’Abat” atujana mu rugendo rw’ubuzima mirongo itanu. Bumwe bumwe bwose muri bwo, buzana ivyemezo bidasanzwe vy’uko kubaho ari itunga uwari we wese atokwirengangiza. Ubuzima bwiwe, nk’ururirimbo rw’umwizero wo kugukura hamwe n’impundu y’urweze hagati mu muryango uterwa ubwo n’imyaka, ni igicapo c’urugendo rugoye ariko rwuzuye ibitanganza bisiga ubwenge. Ni ubutumire bwo guhinyura ibiranga uwo murundi yashoboye kuva mu bandi akarengera ibivugwa ko imyaka ataco isigura. Kuri we, ibihe bine bigize ubuzima: ubwana, ubuyabaga, ukugera mu bigero n’ubusaza nivyo gucakamira no gukamisha atakugotwa. None rero Femi ni nde? Ico cirore c’ubuzima bwuzuye ibihuhusi vyamuhinduye umuntu w’ingoga kandi aronderera muri uti na turiya?

Amamuko y’iwe n’umuryango wiwe

Amazina yiwe ni Minani Ferisiyano NSENGIYUMVA. Iry’ubuhizi ni « Maréchal Fémi de J’Abat».Yavukiye mu Burundi kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga umwaka wa 1970, ku mutumba Gasenyi (Ku Kariyeri) wa komine Isare mu ntara ya Bujumbura (bakunda kwita «rural»). Hari haciyenk’imyaka 8 kuva Uburundi buhabuje intahe y’ukwikukira. MINANI ni umuhungu wa Yohani BAMVUNUMUTIMA wo mu muryango w’ABAHANZA na Rizabeti BIRIKO wo mu muryango w’ABAVUMU. Ni umwana w’umunani mu muryango w’abana benshi atoshobora kudondagura. Muri make, yakuriye ahantu hagoye. Nk’ukwo abivuga, abavyeyi biwe batandukanye afise imyaka 4 gusa. Kubera ko urwego rw’ubucamanza rwa kera rworohereza abagabo kuruta abagore, yakuriye i bwase. Uyu nawe yarabiriye abandi bagore.

Kwa ba mukase, Femi yabaye mu buzima bubi nk’impfuvyi kandi nyina wiwe akiriho. Ubwo buzima bwuzuye ingorane bwasize mu mutima wiwe ibimenyetso bitazimangana vyamufashije kwicira inzira y’ubuzima bwiza muri kazoza yongera arabishitsa. Femi yahungiye mu gihu c’urwanda mu 1993 hanyuma muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo kuva 1995. Kuva 2004, yahungiye mu gihugu ca Norvège aho asanzwe aba n’umuryngo wiwe. Mu 1997 yavyaranye na Elue Marigarita NKUNZIMANA umwana w’umwigeme yitwa NDIHOKUBWAYO Mugisha Divine, ariko ntibigeze babana kuko intambara yabaye muri KONGO mu 1996 yaciye ibatandukanya bari bimirije kugira ubukwe bwabo. Mu 2006 yubakanye na Orene NIYITANGA i Lusaka muri Zambiya. Mu 2016 baciye bahukana. Ni se w’abana 5: abakobwa 2 aribo Divine NDIHOKUBWAYO MUGISHA na Glodie Prefina KWIZERA n’abahungu 3: aribo Håkon Power NISHIMWE, Øystein Puissant INTERITEKA et Joy Stoltenberg NYENICUBAHIRO, umuhererezi.

Aho yize

Femi yize ku mashure matomato ya Rubirizi, Gishingano, Kamenge na Kigobe. Ku bwiwe,ukwigisha kwa kera kwararenganya. Nico gituma yize ku mashure atandukanya igihe yari mumashure y’intango ndetse no mu mashure yisumbuye. Yize imisi 2 gusa kw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda (Lycée du Saint Esprit) imbere y’uko ababijejwe baciye bamwungururiza kw’ishure ryisumbuye rya Ngagara (ryitwa kera Ecole Normale d’Etat, ENE, deBujumbura) aca ahiga igice ca mbere c’amashure y’isumbuye. Naho yiga mu bihe bitoroshe, ntiyatanye n’ikigazuzo. Yarabandanije. Mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye, yiganye umwete mwinshi. Mu1991, yaciye ajanwa kwiga kw’ishure ry’Ibikorwa vy’Iterambere Rusangi (l’Ecole des Travaux Publics) ry’i Gitega mu gisata cogusatura amabarabara (Section de Géomètre Topographe). Yahize umwaka umwe gusa. Munyuma yagiye kwiga kw’ishure ryisumbuye ry’imico n’imigenzo y’abisiramu (Lycée du Centre Culturel Islamique) ry’i Bujumbura. Naho nyene yahize umwaka umwe. Mu nyuma yagiye kwiga kw’ishure ryisumbuye ry’ubuhinga bw’uburimvyi (l’Ecole Technique d’Agriculture, ETA) ry’i Gihanga.

Inyuma y’igandagurwa ry’Umukuru w’igihugu Merikiyoro NDADAYE mu1993, yaciye ahungira i Cangugu hanyuma i Kigali mu gihugu c’Urwanda. Intambara yo mu 1994 yabaye mu Rwanda yatumye atahuka mu Burundi. Mu 1995 ubwicanyi bwabera mugihugu c’amavukiro yiwe bwatumye ahungira muri KONGO/RDC i Mulongwe-Uvira. Yahavuye mu 1996 aca aja kwiga kw’ishure ry’umuziki n’uguhanahana amakuru ( Académie de Musique et de la Communication des Studios SANGO MALAMU ) ry’i Kinshasa. Akaba yarirangije mu mwaka wi 2000. Yarakurikiranye n’inyigisho nkarishabwenge mu bijanye no kwitegurira gushinga urugo kuri Paruwasi y’abaprotesitanti ya Kaminuza y’i Kinshasa ( Paroisse Protestante de l’Université de Kinshasha-PPUKIN ), yaciye yongera gukarisha ubwenge muriizo nyigisho nyene kw’ishure rikuru ry’inyigisho ndoramana n’ubutumwa ry’i Kinshasa ( Institut Supérieur de Théologie Pastorale de Kinshasa-Centre CENEVE. Akaba yaharonkeye impamyabushobozi y’Umuhanuzi mububakanye ( Conseiller Conjugal / Thérapeute de couple ). Mu nyuma yize umwaka umwe mu vyo guhinyanyura imiziki n’ubuhinga bw’amajwi kuri BAKKETUN FolkeHøyskole i Veridare (Verdal) muri Noruveje (Norvège) mu 2006.

Umwuga w’ukuririmba

Minani Feresiyano NSENGIYUMVA ni igitangaza mu bitangaza. Ari muri ivyo bicocoro, naho bitaba bibishaka, biguma bivugwa irya n’ino. Ni umwe mu ndanga z’umuziki w’uburundi. Yarakoranye n’ibihangange mu muziki w’Uburundi wo mu myaka ya 1990. Yaragize amahirwe yo kwigishwa na Africa Nova, igihangange mumuziki w’Uburundi w’aho hambere. Yaronkejwe ubumenyi budasanzwe n’uwo muhinga w’umuziki. Aremeza ko yakunda guhurira mu bitermo canke amahiganwa n’umuririmvyi yamenyekanye cane CANJO Hamisi. Umuririmyi rurangiranwa Yohani Petero NIMBONA batazira Kidumu Kibido yamuvugiriza Femi ingoma y’ikizungu (batterie) igihe yaba ariko araryohera abarorerezi n’indirimbo ziwe z’umudiho mwiza cane.

Indirimbo ziwe : «Ikibi ni akanwa (Ntanumwe atavurwa n’iyiri munda iravurwa)/»,«Nkunda chérie», «Reviens mon amour/ (Garuka rukundo rwanje)», … na cane cane «Kubakw’isi ni ukwitonda» nizo zigize mu urukurikirane rwirwe rwa mbere w’indirimbo (son premier album) zahinyanyuriwe muri «/Mbaza System Studio/» yo kwa AfricaNova yari mu Bwiza. Yari kumwe n’abaririmvyi karuhariwe kandi rurangiranwa b’aho hambere na cane cane AfricaNova yavuza inanga y’ikizungu (/piano), Sadi nawe igitari c’ijwi ryo hasi (guitare basse) na Abeli Ufitamahoro ku gitari c’ijwi rimwe (guitare solo). Ivyo vyamutumye agira ikibanza ciza mumurwi w’indanga mu muziki w’Uburundi.

Inkomoko y’itazirano ryiwe

Ferisiyano MINANI NSENGIYUMVA avuga ko itazirano ryiwe «Maréchal Fémi de J’Abat» rifise iyo ryavuye. «Maréchal» ni izina ry’ubuhizi yiswe n’umugenzi wiwe Alain Guillaume BUNYONI, umushiranganji wa mbere w’Uburundi muri kino gihe. Iryo zina ryiwe ryavuye k’ukuntu yaharaniye amahoro abicishije mu ndirimbo zo gukundisha igihugu kugirango amahoro atsimbatare. «Femi de j’Abat», naryo rigizwe na «Femi» rivuye mu mazina yiwe «Felicien Minani» aciriye hagufi. « De j’Abat» rigizwe n’akajambo k’ururimi rw’igifaransa «/de/» (gafise insiguroya «/wa» canke «/mwene/») hamwe na «/J’Abat/» rivuye mu mazina ya se ari yo yohani (Jean)BAMVUNUMUTIMA, aciriye hagufi.

Ukwo yatnguye umuziki

Naho yari afise ingorane zitandukanye zatumye agira ubuzima bugoye, akiri muto cane, Femi yarakunze yongera arihebera umwuga wo kuririmba. Yatanguriye kw’isengero y’iwabo hanyuma aja ahandi kuva ubwo aca atangura kwandika imiziki y’Imana.

Aribuka/: «/Mu ngorane z’ubuto bwanje hari hinyegeje umunezero wanje w’uyu musi. Isôko y’ukwishimira ivyo mfise ni ukwemera kwanje. Ndibuka ko kuva nkiri muto naja kw’ishure ry’Umusi w’Imana (bita mu kinofunofu «/Sunday School/») kw’isengero iwacu/: Isengero rya«/Méthodiste Libre». Muto cane kandi ashoboye kunezereza abantu ikibiriraho, Femi yarakundwa cane n’abarorerezi abicishije mu ndirimbo ziwe, amajambo yiwe n’imidiho iryoshe cane. Ni muri iyo ntumbero yashoboye gutsindira ubushimwe butandukanye mu mahiganwa y’igihugu cose yategurwe n’ubushikiranganji bw’iterambere ryo mu mitumba (Ministère du Développement Rural), ubushikiranganji bw’imico n’akaranga n’ayandi mashirahamwe adaharira inyungu za poritike mu myaka ya 1991.

Ukwo yagiye aratera imbere

Ukwo imyaka yahera nikwo yarushirizaho gukunda umuziki. Mu 1991, yiga kw’ishure y’ibikorwa vy’iterambere rusangi (l’Ecole des Travaux Publics, ETP) ry’i Gitega, yaramenyekanye cane mu kuririmba no kwandika imiziki kuko yari asanzwe afise impano y’ukuririmba, yaramenywe na benshi aca atangura umwuga wokuririmba. Rero, yaciye yandika indirimbo yiwe yambere «/Kuba kw’isi ni ukwitonda/». Iyondirimbo yarakunzwe cane gose mu gihugu cose, yaratumye amenyekana cane gushika n’ubu aho abantu benshi bakunda cane amajambo ayigize n’umudiho wayo, na cane cane impanuro nziza cane za nkenerwa mu buzima bwa misi yose. K’ubw’umwete n’ubwira asanzwe afise, Fémi yarashinze umurwi FEMI MUSICA. Uwo murwiwari ugizwe na batatu/: we na bagenzi be babiri bo kw’ishure ryisubmbuye: Pacifique naJacques. Muri uwo mwaka yaciye yandika indirimbo ( Hymne ) yo guhayagiza ishure ETP ry’i Gtega. Ihangiro ryiwe nyamukuru ryari iryo kubandanya ndetse no guha akanovera umuzikiw’uburundi. Umuziki wiwe werekana igicapu c’ubuzima bwiza abicishije mu butumwa bw’urukundo, umwizero n’indoto ariko kandi na cane cane ihangiro ry’isi yuzuye urweze. Mu 2000, inyuma y’imyaka 10 aririmba yongera yiga ivy’umuziki kw’ishure ry’Umuziki n’umumenyeshamakuru (l’Académie de Musique et de la Communication des Studios SangoMalamu) y’i Kinshasa, yarashinze ishure ryiwe ry’umuziki yise «/Ikigo co gukarisha ubwenge mu muziki Femidejabat ( Centre de Formation Musicale Femidejabat ) i Kinshasa. Yariumuyobozi akaba n’umwigisha muri ico kigo. Yigisha ivyirwa vy’Inyigisho z’umuziki (Théorie musicale), Ubuhinga bw’umuziki n’ihinyanyuriro ry’imiziki (Technologie musicale et Studios) n’Ubuhinga mu muziki mu bijanye n’amajwi (Informatique musicale en audionumérique). Ico kigo cari gifise aho kubika no gusomera ibitabu hakwije vyangombwa kandi hagenderwa cane. Mu 2018, Femi yatsindiye agashimwe gakomeye k’ururirimbo rwa mbere rwiza rwo gukundisha igihugu. Abatanga amanota bari babizobereyemwo batoye indirimbo yiwe «/BURUNDI BWACU GAHUGU KEZA ” kubera yanditswe neza mu bari hanze y’igihugu bose. Yari yayitanze muri

iryo higanwa ry’abaririmvyi b’abarundi baba mu Burundi no hakurya y’amazi. Iryo higanwa ryari ryatunganijwe n’ishirahamwe ry’abarundi baba hanze y’igihugu( La Diaspora du Burundi ). Ubushimwe yaronse bwari bugizwe n’impapuro zibiri, rumwe rw’ukuja mw’ihiganwa, urundi rw’ukuba abikwiye akaba uwambere mu baririmvyi benshi bari baryitabiriye. Yaronkejwe kandi n’ibahasha ry’1.000.000 w’amahera y’amarundi kw’ihoteri New Agena n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Nyankwubahwa Gaston SINDIMWO ari kumwe n’uwuserukira abarundi baba hakurya y’amazi Umushingantahe Japhet Legentil NDAYISHIMIYE abicishije ku bamuserukiye aribo Umukenyezi Solange MURERWA n’umushingantahe Isaac BAKANIBONA.

Umuririmvyi yagenze amahanga!

Impano za Fémi zimutuma aba rurangiranwa. Nk’umuririmvyi abica bigacika no hakurya y’amaso, yarakoresheje uburyo bwose bushoboka kugira ngo ashimishe abamukunda kandi bamukurikirana ukwo bukeye n’ukwo bwije. Yaramenye guhimbara abantu b’imyaka itandukanye n’urukoba rutandukanye mu kubaha umudiho uhoza kandi woroshe akoresheje impano yiwe yo kwandika imiziko no kuyiririmba. Kubwo ukwo gukerebuka kwiwe, yaratunganije ibiteramo bitandukanye mu Burundi no mu bihugu bitari bike vyo kw’isi na cane cane Republika ihanira demokarasi yaKongo, Tanzaniya, Zambiya, Urwanda, Noruveje, Siwede, Ububirigi, Ubufaransa, Ubudagi, Ubwongereza,Hongiriya, Ubuswise, Ubuhorande, n’ibindi. Bimwe mu biteramo ntibagirwa ni igiteramo yakoreye kuri «/Stade Umuganda/» i Rubavu ku mugabane wa Gisenyi na «/Stade régional/» y’i Ruhengeri mu Rwanda ari kumwe n’umurwi (l’orchestre) «Black Power/».

Gushika ubu, Fémi amaze gushira ahabona inkurikirane z’indirimbo (album) zishika kuri 5 zitatu zigizwe n’indirimbo z’umudiho wa afrika y’ubuseruko n’iyindi midiho y’ahandi. Indirimbo ziwe zose zikomoka mu mico n’imigenzo hamwe n’indimi zitandukanye (ikirundi, igiswahili, igifaransa (ikinyamazuru), icongereza (ikinofunofu), ikinoruveje (Norvégien) n’ilingala. Indirimbo yiwe «/Ikibi ni akanwa/» yayikoranye n’umuririmvyi rurangiranwa Saidi BRAZA. Izi nizo nkurikirane z’indirimbo n’imyaka zasohoreweko/: KUBA KW’ISI NI UKWITONDA (1991), IBINTU BIRAHINDUKA (1996), UBUGABO BURIHABWA (2003), UMUNYENGA (2003), MPORE BURUNDI (2012).

Naho tutoshoka twemeza ko kuririmba ari akoko, ntitwoba tubeshe tuvuze duti abana biwe bariko baratorana iragi ry’impano ya se y’ukururirimba. Ku iyo mvo, umukobwa wiwe w’imfura Divine yaramaze gutangura kuririmba. Mu 2013, ku myaka 16, yarasohoye indirimbo yiwe yambere yitwa «/Shimira Imana/». Ni indirimbo y’Imana yakoreye mu nzu yo guhinyanyura indirimbo yo muri Noruveje yitwa/«/Lydhagen/». Uyo muririmvyikazi ariko aravuka ni imuhinga nka se, we nzobere muri uwo mwuga akwirikiranira hafi.

Ivyo yakoze n’aho yakoreye

Inyuma y’ukwiga ivy’ukumenyeshamakuru, Femi yimenyereje ku nsamirizi ya Sango Malamu y’i Kinshasa no ku nsamirizi n’imboneshakure y’igihugu ca Kongo ( Radio Télévision Nationale Congolais ( RTNC ). Yarakoze kandi umwuga wo kumenyeshamakuru mu kiringo c’imyaka 4 kunsamirizi Toronderage ( Radio Trondelag ) yo mu gihugu ca Noruveje (Norvège). Ari nacogituma umuntu yovuga ati umwuga wo kumenyeshamakuru nawo uri mu mushaha no mumutima wa Fémi. Nk’ukwo avyemeza, ihangiro ryiwe muri uwo mwuga ni/: uguteza imbere ubwa mbere umwuga w’umuziki n’utugenegene, imico kama y’Uburundi, yo muri Afrika no kw’isi yose muri rusangi. Ico nico camutumye atanguza imbuga zibiri zo kumenyeshamakuru ( www.burundibwiza.com hamwe na www.abenegihugu.com ) n’imboneshakure yo ku ngurukanabumenyi ( le web TV ) yitwa RTBB ( Radiyo-Tereviyo Burundi Bwiza ).

Ivyo yaranguye mu kibano

Imbere ya vyose, naho yari yakuze mu buzima butoroshe, Fémi arahimbarwa cane no kuba yaragize amahirwe yo kumenyana n’abaririmvyi rurangiranwa b’aho hambere ndetse n’abantu n’ikinga n’ijambo na cane cane abahoze barongoye igihugu c’Uburundi nk’akarorero Nyakwigendera Petero NKURUNZIZA. Kuri iyo mvo, ni umuntu yuzuye ubushingantahe, Ubugabo, gukunda cane igihugu camwibarutse, ugufashanya n’ukwitaho abandi. Yuzuye uburwaneza, impuhwe, ikibabarwe, amahoro na cane cane urukundo. Naho muri kino gihe aba kandi akorera hanze y’igihugu ( muri Norvège ), aritwararika abavukanyi biwe b’abarundi muri rusangi akabafasha muvyo ashoboye atarobanuye abicishije kenshi na kenshi mu mashirahamwe atandukanye yashize anarongoye. Mu bijanye n’umuziki, nk’ukwo indoto ziwe zari izo guteza imbere umuziki w’Uburundi, Fémi niwe yatanguje kandi ni icegera c’uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu VONECOVIC (VoixNeutre Contre les Violences et Injustices à travers la Chanson/: Ijwi ataho ryegamiye ry’ukwiyamiriza amabi n’akarenganyo biciye mu ruririmbo ). Iryo shirahamwe ntiriharanira kuronka amahera kuko ryitaho ibijanye n’amahoro, ubutungane n’ukurekuriranira hagati y’abantu. Ritwarwa n’umudagikazi Angela IROEBU rikaba rifise ihangiro nyamukuru ryogufasha abasangwabutaka ( Abatwa ) bo muri Afrika muri rusangi n’Abatwa bo mu Burundi hamwe n’abandi benegihugu batishoboye baba mu misozi.

Kubijanye n’ivyo yaranguye, Femi ni we yatanze iciyumviro kandi niwe yatanguje ishirahamwe Fondation Femidejabat. Akaba ariwe ariserukira imbere y’amategeko. Iryo shirahamwe rigizwe n’izina ryiwe ry’ubuhizi rikaba ryemerewe gukora n’itegeko ry’Ubushikiranganji bw’Ubutungane. Iryo shirahamwe nyene rikorera mu gihugu cose kandi rifasha abantu mu bice bitandukanye vy’ubuzima. Nico gituma yashinze ikigo ndagakaranga Femidejabat Indataburundi, CCFI ( Centre Culturel Femidejabat Indataburundi ) gifasha ahanini urwaruka. Abicishije muri Fondation Femidejaba, Femi yaratanguje kandi umugambi w’ihiganwa ry’Umukobwa mwiza, aciye ubwenge kandi w’akaranga ( Miss INAKARANGA) rifasha ahanini abigeme b’abatwakazi mu bintu bitandukanye. Néilla MUTONIWIMANA, /umwe muri abo bigeme b’abatwakazi yafashijwe biciye muri uwo mugambi wa Miss Inakaranga, yarashoboye gutsinda ihighanwa rya Miss Kayanza 2020. Afashwe mu mugongo kandi akurikiranwa n’ishirahamwe Femidejabat kugirango arangure imigambi yiwe. Femi, Felesiyano Minani NSENGIYUMVA niwe kandi yatanguje ishirahamwe UNABUDI-Inyenyeri z’Uburundi kw’isi yose (Unissondes Artistes du Burundi et de la Diaspora/: Ishirahamwe ry’abanyamuziki b’i Burundi no mumahanga ) akaba ariwe arirongoye.

Umuntu w’impano zitandukanye kandi aronderera hose!

Hambavu y’ivyumuziki no kwitaho abandi, Fémi arakunda ikarashishi. Ni umukinyi adasanzwe w’umupira w’amaguru akaba kandi n’umutangirizi w’ibitsindo muri urwo rukino rw’amaguru. Mu myaka ya 1989, mu kanya gato, yarakiniye mu murwi wa Inter FC rimwe rimwe nk’umusubirizi w’umutangirizi w’ibitsindo rurangiranwa aho hambere HABARUGIRA Neuf. Bisubiye, yarabaye umutangirizi w’ibitsindo w’imirwi y’umupira w’amaguru kw’ishure ryisumbuye rya ( Lycée ) Ngagara no kw’ishure ry’ibikorwa vy’iteramberre rusangi ry’i Gitega ( ETP ) aho abo bakinana bari bamutaziriye: «/Jamais de but/» (Ntagitsindo namba).

Iruhande y’umupira w’amaguru, Fémi ni umuhanuzi w’ingo n’imiryango. Bisigura umuhuza w’abubakanye. Nico gituma afatanya impano ziwe mu muziki n’ubumenyi bwiwe butandukanye kugira ngo agire ico amariye abandi abicishije mu bikorwa ahanini vy’umuziki uremesha kandi wigisha utanga inyishu nyazo ku ngorane abantu bagira mu buzima bwabo bwa misi yose. Kubera ko akunda kwandika hamwe no kuririmba, Fémi ni we yatanguje iciyumviro co kwndika igitabu c’itororokanirizo y’ibijanye n’umuziki w’uburundi ( Encyclopédie de la musique burundaise ), ico gitabu kikaba kiriko kirandikwa n’ishirahamwe Fondation Femidejabat rifadikanije n’ubushikiranganji bw’imico n’akaranga.

Ivyo yaranguye muri poritike

Kubera ko kuririmba kwamunyengetereye gushika no mu misokoro, NSENGIYUMVA Minani Felesiyano niwe yakoze (amajambo n’umudiho) vy’ ururirimbo ( HYMNE ) ruhayagiza umugambwe CNDD-FDD uri k’ubutegetsi bw’Uburundi muri kino gihe. Igihe yandika iyo ndirimbo avyibwirije ubwiwe hari muri 1995 ari impunzi muri Uvira muri Republika iharnirademokarasi ya Kongo. Uyo mugambwe witwa ico gihe CNDD gusa kandi wari urongowe na Léonard NYANGOMA. Yarayisubiyemwo rero incuro zibiri: Ubwa mbere mu nzu yo guhinyanyura imiziki ( Studio ) ya Kasavubu i Kinshasha, uwo muhari witwa CNDD-FDD urongowe na Koroneri Yohani Bosiko NDAYIKENGURUKIYE. Ubwa kabiri mu 2000 mu nzu yo guhinyanyura imiziki ( Studio ) Mayino i Kinshasa, igihe uwo muhari watwarwa n’uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi Nyakwigendera Petero NKURUNZIZA. Hambavu y’ivyo, mu mwaka wi 2001, Ferisiyano MINANI NSENGIYUMVA batazira «/Maréchal Fémi de J’Abat/» yarabaye umunyabanga ku rwego rw’igihugu ajejwe ikibano n’imico n’imigenzo ( Secrétaire National chargé de l’encadrement socioculturel muri uwo mugambwe. Yari afise imigenderniremvyiza ya hafi na Nyakwigendera Petero NKURUNZIZA yahavuye arongora igihugu c’Uburundi. Bakaba baragendanye mu bikorwa vy’Urugamba rw’Abenegihugu rwo kugarukana Amahoro na Demokarasi mu gihugu cacu c’Uburundi.

Vyahinduwe mu kirundi na Melchisédeck BOSHIRWA, arinawe yavyanditse mu rurimi rw’igifaransa akaba asanzwe azwi kw’izina rya Melcky Boshir

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait