Kur’uyu wa gatandatu itariki 20 Ruhuhuma 2021, habaye inama y’Urwaruka mu ntara nziza ya Bujumbura.

@Burundibwiza.com itariki 20.02.2021 / @Province Bujumbura.

Kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2021, uwurongoye Inama nkuru y’Urwaruka mu ntara ya Bujumbura *_Longin_* **HAKIZIMANA** yagendeye urwaruka rwo muri Komine Mugongo-Manga. Yabanje kwifadikanya n’abenegihugu ndetse n’Urwaruka muri rusangi mu bikorwa rusangi vyari bigizwe no kurima mu murima wa Komine Mugongo-Manga buca uterwamwo ibiraya, inyuma y’ivyo bikorwa *Longin* *HAKIZIMANA* yagiraniye inama n’Urwaruka rwo mur’iyo Komine rurimwo urwahejeje amashure rutagira ico rukora, acarabahimiriza yongera abasaba ko botegura imigambi vyihuta kugira ngo ibanki y’Urwaruka *BIJE* ibashigikire nkuko reta y’Uburundi yabitegekanije, niko kubamenyesha ko Inama nkuru y’Urwaruka mu ntara yabarondereye Umuhinga agiye kubigisha ingene Umugambi utegurwa no kuzobaba hagufi mukuwutegura kandi ku buntu, *Longin* *HAKIZIMANA* uti ubu rero ivyitwazo bihave kuko Umuhinga twaje tuzananye kandi ari prêt kuza kubafasha umwanya wose mwomutumako.Yaboneyeho kandi no kumenyesha abaraho ko uwo muhinga muvyo gutunganya imigambi yemeye ko ashobora kuvyigisha urwaruka rwo no mu yandi ma komine yose agize intara ya Bujumbura kugira ngo ntidusigare inyuma, yasabiye kandi ikibanza urwaruka rwo muri Komine Mugongo-Manga rwozorimamwo ibiraya gutyo narwo rukagira Umurima w’Iterambere urwitwirirwa Musitanteri wa Komine adahigimanze na gato uti tuzobaha ni bo Burundi bw’uyu musi hamwe n’ejo. Inyuma y’iyo nama uwurongoye Inama nkuru y’Urwaruka mu ntara ya Bujumbura arikumwe na Musitanteri wa Komine Mugongo-Manga ndetse na Nyakubahwa Umuvugizi wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba n’imvukira yo mur’iyo Komine bagendeye ahasanzwe habikwa imbuto z’ibiraya ndetse bavaho bemerewe ko mu gihe urwaruka rwo kwitunganya atacobuza rudahabwa na rwo imbuto.Ingendo nkizo zigiye gukorwa vyihuta mu ma Komine yose kugira ngo urwaruka rwigishwe vyihuta kandi rwerekwe ingene imigambi itegurwa.Niharambe ibikorwa vyo soko y’Iterambere.

www.burundibwiza.com / @Province Bujumbura.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait