Bujumbura: Kuri uwu wakane itariki 18/2/2021 Ku mugwa mukuru wa komine Isare, intara ya Bujumbura habaye inama rukokoma y’indero muri komine.

@Burundibwiza.com itariki 18.02.2021 / Isare@Province Bujumbura.

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 18/2/2021Ku mugwa mukuru wa komine Isare, intara ya Bujumbura habaye inama rukokoma y’indero muri komine. Iyo nama yitabwe n’Umushikiranganji w’iyinjira ry’Uburundi mu karere k’ubuseruko (EAC) ,urwaruka, inkino n’imicokama nyakwubahwa Amb *NIBIGIRA Ezéchiel* asanzwe arongoye inama mpanuzwa jambo ya komine Isare- abagize inama mpanuzwa jambo ya komine- abayobozi b’indero muri komine, ku mashure yose yo muri komine- abaserukira abigisha- abakuru b’imitumba- abaserukira abavyeyi ku mashure- abaserukira abanyeshure- abaserukira amasendika.

Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na nyakwubahwa musitanteri wa komine Isare NIYONKURU Gilbert, yashikirije ko umutekano ari wose eka n’umwimbu wifashe neza. Ariko igisata c’indero muri komine kirimwo agahaze naho komine iza mu kibanza ca mbere mu ntara ya Bujumbura.Nyakwubahwa umushikirangaji yarakiriye ijambo, atanga intumbero y’inama kugira binjire neza mu kiganiro biyaguye. Nikwo guhereza umwanya umuyobozi w’indero muri komine umushingantahe *MBANJERYIZA Lucien* aho yatanze ido nido intambanyi zihanze ico gusata c’indero muri komine, aranerekana umwimbu waranze ikomine kuva 2018 gushika 2020. Abaraho barahanye hanye ijambo bahanurana, uhereye ku bajejwe amasendika, abavyeyi, abaserukira abanyeshure n’abajejwe iterambere muri komine.Ivyiyumviro bimaze gutangwa ku bwinshi hamwe n’impanuro nyinshi, umushikirangaji yaciye afasha cane kugeraho hanafatwa n’ingingo ko umwimbu ugiye kuronderwa ari uwa 85% mu kibazo ca Reta c’umwaka w’icenda n’ibindi bibazo vya Reta.Inama yaherahejwe n’igisabisho nk’ukwo yari yatanguye, mu mwumvikano ntangere.

Mw’Isare, NIMUBONA Alexis @Province Bujumbura

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait