Iyamirizwa ry’itunganywa rya Miss Burundi 2019

@Burundibwiza.com mise à jour. / Inkuru ya @www.nawe.bi / Mu ntumbero yo gushigikira no gutegura neza igikorwa ca « MISS BURUNDI 2019 », amashirahamwe yagiye hamwe ariyo (FONDATION FEMIDEJABAT, Association Pour La Consolidation de la Paix au Burundi « ACOPA-BURUNDI » na Union des Artistes du Burundi et de la Diaspora « UNABUDI-INYENYERI Z’UBURUNDI KW’ISI YOSE », yatunganije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 munyonyo 2019 ikiganiro ku banditsi nabamenyeshamakuru, aho bagarutse ku vyavuzwe n’abarongoye ishirahamwe MISS BURUNDI EVENT, ariryo risanzwe ririko ritegura ivyo birori vya Miss Burundi 2019.

FONDATION FEMIDEJABAT, ACOPA-BURUNDI na INYENYERI Z’UBURUNDI KWISI YOSE, amenyeshe ubushikiranganji bujejwe imico, agateka kazina muntu n’ingenzi, abarundi ndetse n’amakungu ko itegurwa ry’igikorwa ca MISS BURUNDI 2019 kirimwo utunenge tumwe tumwe n’ikumirwa rya bamwe na bariya na cane cane ko ishirahamwe MISS BURUNDI EVENT ridashaka ubundi bufasha na bumwe mwitegurwa ryico gikorwa ca MISS BURUNDI 2019.

BAKANIBONA Isaac, aserukira ishirahamwe ACOPA-BURUNDI imbere y’amategeko agira ati : « tumaze kubona ko ishirahamwe MISS BURUNDI EVENT rishizeho ibisabwa ku bazoza kwiyandikisha muri iryo higanwa, vyaraduteye amakenga kuko bararenze amategeko agenga igihugu (Droit Constitutionnel), nko kwidegemvya(Liberté) kw’umuntu bivanye nuko uwuzotorwa muri iryo higanwa ataburenganzira azoba afise bwo kuja iyashaka ishirahamwe MISS BURUNDI EVENT ritabizi ».

Arongera ati : « Igikorwa nkico ca Miss Burundi, n’igikorwa cerekeye igihugu cose ndetse n’abarundi, ntakuntu woca ukumira bamwe uvuze ko abazokwitoza ubasaba kuzoba bari hagati y’imyaka 18 na 25, ko bategerezwa kuba bararangije amashure ya kaminuza, ko baba bafise uburebure bwa metero imwe na sentimetero mirongo itandatu na zitanu (1m65cm) canke zirenga kandi ko baba batarenze ibiro mirongo itandatu na bitanu (65kg). Uko ni ugukumira umuce w’abarundi kuko umuntu ashobora kuba mwiza, akagira ubwenge, mugabo adafise ivyo bipimo vy’uburebure ».

Ayo mashirahamwe afatiye ku karanga n’imico y’abarundi no gutsimbataza amahoro vyamye biranga abarundi, basanze igikorwa ca Miss burundi 2019 gikwiye kuja mu bikorwa vya Leta kandi ko atamuntu canke ishirahamwe na rimwe rishobora kwiyitirira ico gikorwa no kugitunganya atari « ubushikiranganji bujejwe imico, akaranga n’ingenzi » canke umurwi woba ugenywe n’ubwo bushikiranganji.

Arabandanya amenyesha ko iryo tegurwa rya Miss Burunndi 2019 n’ishirahamwe Miss Burundi Event, ataho riza rifasha mw’iterambere ry’imico y’abarundi, mugushirahamwe kw’abarundi ndetse no mw’iterambere ryabigeme muri rusangi,ahubwo iryo tegurwa riteye makenga kuko habonekamwo ikumirwa ryigice kimwe c’abarundi bivanye nivyasabwe (Critères de Sélection).

Ayo mashirahawe arangiza asaba ubushikiranganji bujejwe imico, akaranga ningenzi ndetse n’ubushikiranganji bwagateka kazina muntu ibi bikurikira :

1. Gukuraho burundu itunganywa rya Miss Burundi y’umwaka 2018-2019 ;

2. Gushiraho umurwi w’igihugu uhurikiyemwo bose uzoba ujejwe guhinyanyura amategeko no gutora abigeme bazokwitabira iryo higanwa no gutora ibizogenga abazitoza muri Miss Burundi ku rwego rw’igihugu ;

3. Gushiraho urwego ruzoshiraho amategeko agenga ihiganwa rya Miss Burundi kugira hakurikizwe uburenganzira bwa bose haba kubatunganya iryo higanwa canke abazoryitabira.

Fyonda ngaha urabe Video.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait