Gitega / Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yuguruye umwiherero w’abagize urwego nshingwantwaro rwa Leta y’Uburundi.

Burundibwiza.com mise à jour / @RTBB.

VIDEO fyonga ngaha.

Mw’ijambo umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yashikirije kuri uyu wagatatu 03.11.2021 yugurura umwiherero w’abagize urwego nshingwantwaro rwa Leta y’Uburundi, yamenyeshejeko ari akaryo ko kwirimbura no kurabira hamwe icokorwa kugira abenegihugu batunganirizwe mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu. Ati hari ibizokwigwa mu bisata bitandukanye nk’uburimyi, ubuhinga bwa none, inyigisho zijanye n’ubushakashatsi, ugutegekaniriza kazoza abakukuruke, amagara y’abantu n’ibindi.Kazoba n’akaryo ko kwihweza ivyokorwa kugira igihugu kije mu bihugu biteye imbere. /@Radio Télévision Burundi Bwiza RTBB.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait