Burundi / itariki 29.10.2021, umwanditsi w’ibitabu Nyakwubahwa Ambasaderi Edwarudo Bizimana yagendeye ikigo SAFE BURUNDI.

Burundibwiza.com / Inkuru ya Isaac Bakanibona@RTBB.

VIDEO fyonda ngaha: Kirundi / Igifaransa.

Kuri uno muhingamo w’igenekerezo rya 29 Gitugutu 2021, Umwanditsi w’ibitabu Nyakwubahwa Ambasaderi Edwarudo Bizimana yagendeye ikigo SAFE BURUNDI kirimwo Insamirizi n’imboneshakure Burundi Bwiza (RTBB), Ishirahamwe ry’urukundo Fondation Femidejabat (FOFE), Ikigo Ndangakaranga Femidejabat Indataburundi (CCFI), Ishirahamwe Jackin Best Business (JBB) n’ayandi nka UNABUDI ( Unisson des Artistes du Burundi et de la Diaspora ), VONECOVIC hamwe n’imigambi ya Kadondozi y’umuziki w’Uburundi (EMB) na Miss Inakaranga.Intumbero y’urwo rugendo kwari ukwirabira aho ico kigo kigejeje ibikorwa hamwe no kubatera intege mu bikorwa bidasanzwe umuryango w’umuririmvyi Ferisiyano Minani Nsengiyumva ( Mareshari Femi de j’Abat) uriko urarangurira igihugu c’Uburundi n’abenegihugu.Tubibutse ko Ambasaderi Bizimana ari incuro igira kabiri agendera ahakorerwa ibikorwa vy’amashirahamwe yashinzwe n’umuririmvyi Femi de j’Abat.

Isaac Bakanibona @Radio Télévision Burundi Bwiza RTBB.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait