Umwaka urarangiye uwahoze arongoye AMB Simbavimbere Bruno ( Memba ) agandaguwe.

@Burundibwiza.com . Inkuru ya FOFE

KWIBUKA: Inyuma y’imisa yo gusabira umuhisi nyakwigendera #Bruno #SIMBAVIMBERE batazira MEMBA yabereye kuri Paruwasi Mukiza Mweranda mu Nyakabiga, amashirahamwe #Fondation #Femidejabat hanwe na #UNABUDI-Inyenyeri z’Uburundi kw’isi yose ( Unisson des Artistes du Burundi et de la Diaspora ) yashize urugori rw’ishurwe ahashinguwe iyo mboneza mu muziki ndundi, uno musi umwaka ukaba urangiye yishwe n’abicanyi bataramenyekana.

Muri ico gikorwa cari kirongowe n’umuryango wa nyakwigendera hamwe n’ishirahamwe Amicale des Musiciens du Burundi ( AMB), amajambo yo kwibuka uyo muhisi akaba yavuzwe uhereye k’uwuserukira umuryango wiwe waruhari . Ishirahamwe FOFE rikaba ryari ryaserukiwe na Nyakwubahwa Gervais NDIHOKUBWAYO asanzwe arongoye ikigo CCFI ( Centre Culturel FEMIDEJABAT Indataburundi), nayo UNABUDI ikaba yaserukiwe na Nyakwubahwa CIZA Charles, Umunyamabanga Nshingwabikorwa waryo. Amicale des Musiciens du Burundi ari nayo yagize uruhara runini muri urwo rubanza yaserukiwe na Nyakwubahwa KWIZERA Freddy asanzwe ariwe ayirongoye. /@#FOFE & #UNABUDI

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait