MISS KAYANZA: Neilla Mutoniwimana niwe yatsinze, imbonekarimwe ku Batwa mu Burundi.

@Burundibwiza.com mise à jour. Source : BBC Gahuza /

“Ni iteka rinini kuri jewe nk’umukobwa w’umutwakazi kubona narashoboye gutsinda ihiganwa rya Miss Kayanza, ibitari bimenyerewe mu gihugu ko ubwoko bw’abatwa buja mu mahiganwa nk’ayo”.

Uyo ni Neilla Mutoniwimana, umwigeme w’umutwakazi yatsindiye ihiganwa rya Miss Kayanza, aho avuga ko yiteguriye no kuja mu yandi mahiganwa ku rwego rw’igihugu.

Miss Kayanza ni ihiganwa rihuza abigeme bo mu ntara ya Kayanza ryatanguye kuva mu mwaka wa 2012 rikaba ritegurwa n’umurwi Umuco w’aba SCOUT.

Yatowe mu bandi umunani bari muri iryo higanwa rigize icenda ryabaye ku wa 01 /01/2020, inyuma y’amezi atatu yose bari bamaze bitegura.

Kubwo ishirahamwe ryateguye uyo mwigeme, intsinzi ya Neilla Mutoniwimana, ni amateka adasanzwe muri kahise k’ u Burundi.

Fyonda ngaha wisomere inkuru yose.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait