Inyuma y’intsinzi ya Neilla MUTONIWIMANA umutwakazi wambere yabaye Miss Kayanza 2020,Fondation Femidejabat yateye akamo abigeme b’Abatwakazi gushiramanga kuko barashoboye nk’abandi bigeme b’Uburundi.

@Burundibwiza.com mise à jour. Source : FOFE /

Ngo ni umunezero ntangere muri #Fondation #Femidejabat kubona umwe mu bigeme Fondation yashize ahabona ikanamufasha mu mugambi wayo yise #Miss #INAKARANGA wo kugira Abigeme b’Abatwakazi nabone bashobore kwitabira mw’ihiganwa #MISS #BURUNDI batarigera na rimwe bajamwo atahukanye intsinzi ku rwego rw’intara.

Intsinzi ya #Neilla #MUTONIWIMANA, umutwatwakazi mu mateka y’Uburundi abaye uwambere kurwego rw’intara ya Kayanza, ni amateka adasanzwe muri #Histoire y’Uburundi dukesha ahanini #FONDATION #FEMIDEJABAT n’abandi bose bashigikiye uyo mugambi wayo, tutibagiye abateguye iryo higanwa. Turamukeje cane Neilla MUTONIWIMANA, tumwifurije gushika ku ntsinzi y’urwego rw’igihugu. Duteye akamo n’abandi bigeme b’Abatwakazi gushiramanga, barashoboye nk’abandi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait