WUCANE UWOTE ! Ngo baseka batikwije yavyaye ndabakwaje: Umuririmvyi Femi de j’Abat yasabiye imbabazi umupfasoni Karerwa Gloriose KAMIKAZI yanyereye cane gose kururimi atuka abavyeyi nkawe ngo ni….

@Burundibwiza.com mise à jour. Source / Facebook de Nsengiyumva Minani Felicien.

WUCANE UWOTE ! NDABATUYE INO NDIRIMBO IDASANZWE,NTIGUCIKE!
Ni indirimbo itwigisha TWESE kumenya kubana neza n’abandi. Yumvirize umenye amajambo ayirimwo yanteye gusabira imbabazi uno muvyeyi vyamugoye aratuka abandi bavyeyi nkawe akoresheje amajambo y’imbuto mbi , amajambo azura akaboze, amajambo adaha akarorero keza abana bacu bakiri bato, amajambo ashobora gucanishamwo imiryango myinshi, nogusubiza inyuma intambwe ishimishije y’amahoro no kunywanisha Abeneburundi. Kubera uburemere burenze urugero bwayo majambo, ndi umwe mubifuzako yobabarirwa, maze ico kigongwe kitubere icirwa twese Abarundi mu kumenya kubana neza twubahana mubudasa bwacu bwiza twiherewe twese n’Imana k’ubuntu.


#IMBABAZI nico gihano ciza cambere maze kubona mu buzima bwanje. Hari igihe umuntu akora ikosa rirengeye igihano. Uno mu maman kubwanje arakwiye kugirirwa imbabazi kuko ntagihano mbona gikwiranye n’amajambo yavuze, ahubwo yarakwiye kuja gusengerwa kugira Imana iruhure umutima wiwe, urarushe. Ibitutsi yatukanye birerekana nezako arwaye akwiriye kujanwa mu bitalo vy’ingoro y’Imana. Ivyo yavuze biraremereye cane kuburyo vyababaje abantu isinzi, mbere bamwe bafise ibikomere mu mutima bitarakira neza hari abo vyacitse bibisi bumvise amajambo araho. Nukuri arakwiye imbabazi kuko yarababaje cane abantu benshi ahanini Abarundi baba mugihugu no mumakungu.

Kubwanje igihambaye ni icirwa izo mbabazi zomuha. Nagira nsabe Abarundi benewacu ko twese twokwirinda gutuka no gusuzugura ikiremwamuntu ciremewe mw’ishusho y’Imana. Hariho n’abandi bita abandi ngo ni imbwa #Mujeri, nabone Imana ibababarire kuko abo bita uko ni ibiremwa nkabo.

Hari ishure ryisumbuye mu Burundi ntashimye kuvuga izina nizeko, uwari icegera c’umuyobozi waryo umusi umwe yanciriye amate yiwe menshi mu maso hanje ampora ubusa, mbere acatako ambwira ngo ndi ubwoko bubi. Naramubabariye kuko nabonye ko ari umurwayi arenvye gusumba #Umusazi.

Kuri iryo shure nyene umunyeshure twigana yarasuze umusuzi awusurira mu kiganza ciwe arawufumbata neza cane buburyo utacoroka mu gifunsi ciwe, aca ansanga aho nibereye niyicariye mw’ishure ambaza ati amakuru ga Félicien? Nanje nti ni meza muvukanyi. Abonye nasamye ndiko ndamwishura n’urupfasoni mu bwitonzi bwinshi, yaciye afata wa musuzi wiwe yashira mugifunsi ciwe arawundisha awurekurira mu kanwa kanje ngo ndi ubwoko bubi, bamwe mu bagenzi biwe bavyiboneye baritwengeye, aho kumubwirako yagize nabi barashimye ico kibi kibishe yankoreye . Kuberako we yava mu bwoko ngo bwiza, nubwo nagerageje kumwitwarira kubuyobozi bw’ishure ntaco bamugize. Nawene naramubabariye nubwo nari natwawe n’agashavu ndamuha ingumi imwe yuzuye uburakari bwinshi yo kumunwa, Imana yarakinze amenyo yiwe yose habuze gato ngo ahurunguke, menshi yarajegeye amaraso menshi arava, ninaho nakuye #inspiration y’indirimbo yanje nise : ” #Wucane #uwote#Mbe #gahanga #wishwe #niki#Jewe #nishwe #nurwabagabo #yamara #wewe #uzicwa #nakarimi #kawe….. #Baseka #batikwije #yavyaye #ndabakwaje… ” ( iyo ndirimbo yanje irimwo impanuro nyinshi cane, hinge mbahe Link yayo musi uwubishaka ayumvirize).

Abibazako bo arabo mu moko meza arusha ubwiza n’ubwenge abandi, barihenda cane gose. Twese turi ubwoko bw’Imana, ayo yandi moko abana b’abantu batuzanyemwo yo kuducanishamwo, murayagumye jewe ntabwoko na bumwe nemera uretse ubwanditse muri Bibiliya gusa nabwo ni ubwoko bw’abana n’Imana. Uwuntuka jewe Femi aba atutse Imana yandemye, uwunyanka nawe aba yanka Iyanyiremeye, abifuza kunyica nabo ntawica umwana w’Imana, nababigerageje ndazi neza ko aho bari atamahoro ubu bafise kandi ijisho ryiyandemye rirababona bien.

Ndangije nongera gusabira imbabazi uno muvyeyi vyagoye maze arubahuka aratuka abavyeyi nkawe. Imana imubabarire, eka twese itubabarire kuko ntanumwe ari umweranda kuri ino si. Uwudacumuye muri iki, acumura mukindi. Imana ikubabarire muvyeyi, ni benshi birirwa baratuka abandi, ese iyaba abatuka nabi abandi bose amajwi yabo yafatwa bakayatwumvisha, hari aborara barahunga Uburundi bwacu. /@#Femi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait