U Burundi buragabisha amakungu ko budashobora kwihanganira u Rwanda.

@Burundibwiza.com / Inkuru ya BBC Gahuza /

Banyakwubahwa Petero NKURUNZIZA na Polo KAGAME

Mw’itangazo ririmwo amajambo akomeye ko kuburira no kugabisha, leta y’u Burundi yavuze ko “igabishije u Rwanda kubera ibitero vyisubiriza ruheruka kugaba ku Burundi”.

Umunyamabanga wa leta y’u Burundi akaba n’umuvugizi wayo, Prosper Ntahorwamiye, yavuze ko u Burundi ”buzofata ingingo zikwiye kuko budashobora kwihanganira ibitero vyisubiriza n’agasomborotso” bikorwa n’u Rwanda.

Prosper Ntahorwamiye yavuze ivyo inyuma y’igitero cabaye mw’ijoro ryo kuwa 16 rishira 17 muri uku kwezi kigahitana abantu n’ibintu muri komine Mabayi iri mu ntara ya Cibitoke mu burengero bw’u Burundi.

Inyuma y’ico gitero, Maj Emmanuel Gahongano ayobora ibiro bishinzwe amakuru mu ngabo z’u Burundi, yatangaje ko abateye baturutse mu Rwanda bakanasubirayo.

Umuvugizi wa Leta y’u Burundi yagabishije amakungu ko atagikozwe k’uco yise ”agasomborotso k’u Rwanda ku Burundi” umutekano mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini ushobora guhungabana.

Prosper Ntahorwamiye yagize ati Leta isubiye ”gusaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umuryango w’ubumwe bwa Afrika, akarere k’ibiyaga binini n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko kuva mugacerere”.

Ngo iyo miryango itegerezwa gufasha mw’iyubahirizwa ry’amasezerano mpuzamakungu y’akarere ajanye n’umutekano, amahoro n’iterambere.

Yavuzeko Leta y’u Burundi yasavye ubunyamabanga bw’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu bigize akarere k’ibiyaga binini gutohoza uruhara rw’u Rwanda mu gitero cabaye italiki 10 mu kwezi kw’indwi 2015 muri komine Kabarore mu ntara ya Kayanza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait