Abakenyererarugamba b’umugambwe CNDD-FDD bo mu ntara ya Bujumbura bifurizanye umwaka mwiza kuri uyu wa 17 Ruhuhuma 2023.

Inkuru y’uno musi @RTBB / Aline NIBIGIRA.

Abagize umuhari w’abakenyererarugamba b’umugambwe CNDD-FDD bo mu ntara ya Bujumbura  bakoranye, kuri uyu wa 17 Ruhuhuma 2023, kugira ngo bifurizanye umwaka mwiza bongere barabire hamwe ibikorwa bazorangura muri uyu mwaka wa 2023. Umushingamateka Sauda MBONEKO arongoye uwo muhari mu ntara ya Bujumbura yashimiye cane abarongoye umugambwe CNDD-FDD kurwego rw’igihugu ingene baguma babashigikira. Yashimiye kandi imvukira z’intara ya Bujumbura zidahengeshanya kubitaba iyo babateye akamo. Akaba yasavye abakenyererarugamba bari aho kurushiriza gushigikira indongozi zo kumitumba bavako n’amakoperative yabo kugira atere aja imbere. Yabateye akamo abo bakenyererarugamba arongoye gukomeza cane kubungabunga umutekano wo mungo bagasubiza ubuzima n’akanovera umubano wo murugo.

Ivyo bikorwa bikaba vyari vyatewe iteka n’umutambukanyi w’umukuru w’inama nkenguzamateka,  abashingamateka, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD mu ntara Emmanuel NKESHIMANA, umukuru w’inama nkuru y’inararibonye, indongozi z’abakenyererarugamba bizewe n’umukuru w’igihugu  n’izindi ndongozi zitandukanye. Ivyo birori bikaba vyarangiye mukanyamuneza ntangere. 

www.burundibwiza.com / RTBB.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait