Muyinga / Umutekano : Buramatari w’iyo ntara yakoresheje inama.

Inkuru ya Isaac Bakanibona@Radio Télévision Burundi Bwiza ( RTBB ).


Kuri uno wa 5 Nzero 2022, Buramatari w’intara ya Muyinga, Jean Claude Barutwanayo yagirishije inama y’umutekano abarongoye komine zose zigize intara. Barikumwe n’abagize Komite y’umutekano ihurikiyemwo bose ku rwego rw’intara, barabiye hamwe ivyaranze umutekano mu mwaka uheze.Buramatari Barutwanayo yahamagariye ba musitanteri gukoresha inama bakanashika mu mitumba mu ntumbero yo kuba hafi y’abenegihugu. Yabasavye kandi gukomeza Komite z’umutekano zihurikiyemwo bose mu ma komine barongoye, kugwanya urudandaza rwo mu kinywabi hamwe n’igiturire bongere batunganirize abo barongoye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *