Ingingo nshasha zafashwe n’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu zerekeranye na Covid-19.

@Burundibwiza.com / Amagara.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu muganga Ndikumana Thadée mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 3 Kigarama 2020, avuga ko gushika uno musi hamaze kwibonekeza abanduye uwo mugera bashasha bashika 61. Muri abo harimwo 56 bavuye hanze n’abandi batanu banduriye mu Burundi. Kubwivyo haciye bahfata ingingo nshasha zo kubandanya bakinga ico kiza ca Covid-19. Ndikumana Thadée yamenyesheje ko guhera uno musi ari ikigo c’ubuvuzi INSP conyene urupapuro rwemeza ko w’ipimishije uwo mugera kizohora kirutanga. Ingenzi iyariyo yose itegerezwa kwipimisha mu masaha 48 imbere y’uko ifata urugendo.

-Ingenzi yose   itegerezwa guca ku baganga bashizwe ku mbibe kugira ngo basuzume ko urupapuro rwemeza ko bipimishije coronavirus arirwo.

-Yamenyesha ko ivyo bibaye mu gihe vyagaragaye ko hari ingenzi zikoresha impapuro za magendo.

-Ku bantu bavuye hanze y’i gihugu, bategerezwa gushirwa ahabonyene umwe umwe ukwiwe mu kiringo c’amasaha 72. Ibipimo bifatwa bagishika ku kibuga c’indege canke ku mipaka yose. Amahoteri yose ategerezwa kubahiriza ingingo yiyemeje.

-u gihe habonetse umuntu arwaye ari mu ndege canke mu bwato, ingenzi zose zitegerezwa guca zimara amasaha 72 maze bakongera bakagirirwa igipimo kigira kabiri.

-Amahoteri y’i Bujumbura yagenywe kugira ngo yakire abantu bashirwa ukwabonyene, ategerezwa kubakurikirana akabatwara kuri hoteri «source du Nil» kugira babagirire ibipimo-suzuma.

-Ku ngenzi zose zo hagati mu gihugu ziri mu bw’iherero, ibipimo vy’isuzuma bizokorerwa ku mahoteri barimwo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait