Ihiganwa “Miss Kayanza”: abatyoje Neilla bose Imana ibaharire.

@Burundibwiza.com mise à jour. Source : Yaga-Burundi.com /

Par Inès Ininahazwe le 9 janvier 2020

Ku wa mbere Nzero 2020, mu ntara ya Kayanza habaye ivyatangaje benshi. Umwigeme wo mu bwoko bw’Abatwa yagiye mw’ihiganwa ry’abigeme beza kandi baciye ubwenge bise “Miss Kayanza” araritsinda, atahukana ikibanza ca mbere. Hakurikiye amajambo menshi, agwiriyemwo ayamutyoza. Inyifato itabereye muri kino kinjana tugezemwo.

Ihiganwa “Miss Kayanza” ry’uyu mwaka ryari ribaye ku ncuro igira umunani,  ritunganijwe n’ishirahamwe Umuco ryo muri iyo ntara. Umwigeme Neilla yari yateguwe n’ishirahamwe “Fondation FEMIDEJABAT” risanzwe ritegura ihiganwa Miss Inakaranga, rifise intumbero yo guhimiriza abigeme b’Abatwa no kubategura kugira ngo bazoshobore kwitabira ihiganwa “Miss Burundi”. 

Iryo shirahamwe “FEMIDEJABAT” ryarahimirije Neilla, ryongera riranamutegura kugira aje guhiganwa n’abandi bigeme bo mu Kayanza. Neilla na we, ashize amanga, aca aratangaza  benshi, ku bukerebutsi n’inyifato vyagiye biramuranga. 

Iryo higanwa riheze uwo mwigeme atahukanye ikibanza ca mbere, abantu hirya no hino ku mbuga ngurukanabumenyi batangura kuvuga amajambo, bamwifatira mu gahanga.

…kubera ubwoko 

Iryo higanwa ntiryari ritunganijwe neza”, “ bamutoye kubera ari Umutwakazi, nta n’ikindi”, “ni akarenganyo ku bo bahiganywe,”… . Ayo ni amwe mu majambo yahererekanywa ku mbuga ngurukanabumenyi no mu bibanza bitandukanye kubera iryo torwa ry’uwo mwigeme. Ariko uvyihweje, uwo mwigeme yatowe abikwiye koko. 

Turamenyereye ko amahiganwa nk’ayo ashira imbere ubwiza bw’abigeme. Ariko rero ntitwokwibagira ko ubwiza butagira urugezo.  Umwe wese ashima ukwiwe. Uwo mwigeme bavuga ko adafise ubwiza bubereye gutsindira iryo higanwa hari abandi babona ari ikirezi cakaka. Kukaba nkako, uwo mwana yaremwe uko n’abandi bose baremwe kandi nta kanenge na kimwe ko ku mubiri afise. 

Hejuru y’ivyo, iryo higanwa rishira imbere umwigeme arusha abandi ubwenge. Umwigeme Mutoniwimana yaratangaje benshi mu kwishura ibibazo ashirutse amazinda, agashikiriza n’imigambi irashe. 

Neilla rero ivyo vyose yiyumvisemwo ko abikwije, ndetse abona ko ashobora gutsindira iryo higanwa. Yaritoje yongera aratorwa, atako aba uwa mbere. Kubona yaratowe, ni umunezero n’iteka kuri we hamwe no mu bwoko bw’Abatwa akomokamwo. Baramuhimbariwe cane.  

Ni uwo gutera intege

Imigambi ya Neilla Mutoniwimana, ni yo yatumye arusha abandi bigeme bahiganwa, ituma bamutora mu bandi. Iyumvire namwe! Uwo mwigeme yiga mu mwaka w’12 yipfuza guharanira agateka k’abigeme b’abasangwabutaka, akabahimiriza kuja mu mashure, ndetse n’abandi bigeme bose basigajwe inyuma y’amajambere.  Yipfuza kubabona bari hamwe n’abandi, bakaja mu mashure, bakirinda imbanyi zitipfujwe zituma abigeme bamwebamwe batabandanya amashure. Vyongeye, abasaba no kureka kwikumira  nk’uko we avyemera : “Jewe sinikumira. Iyo mba narikumiriye sinari no kwiyumvira kuja muri iryo hinganwa ”. 

None ko iryo higanwa rifatira ku vyiyumviro birashe kandi bizogirira akamaro igihugu, aho uwo mugambi wa Neilla nturashe? Iyo batora uwutagira umugambi canke ufise uwutarashe bamushimye isura yiwe gusa mwumva atari ho nyabuna iryo higanwa ryari kuba ritunganijwe nabi? 

A RELIRE :

  1. Miss ou le mythe de la femme-objet

Abavuze amajambo atari meza ku mwigeme Neilla barakosheje cane. Baramuhohoteye kandi ataco bamuhora. Iyo nyifato ntihuye n’ibihe tugezemwo aho duhamagarirwa gushigikira iterambere bwite ry’umuntu. 

Urya mwigeme ni uwo gushigikirwa, agaterwa intege kugira akurane ubutwari yagaragaje muri iri higanwa; kumbure yobera n’akarorero n’urundi rwaruka na canecane abo mu bwoko bw’Abatwa bakunze kwikumira basigara inyuma y’amajambere. 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait