Imigambwe 11 isaba Reta y’Uburundi kwitwarira igihugu c’Urwanda.

@Burundibwiza.com mise à jour. / Imigambwe igera kuri icumi n’umwe yemewe n’amategeko kuri uno wa kane igenekerezo rya 21 Munyonyo 2019 yashize ahabona itangazo aho yamirira kure agasomborotso k’igihugu kibanyi c’Urwanda.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe mw’ijoro ryo kuw’16 rishira uw’17 Munyonyo uwu mwaka habaye igitero ku kirindiro c’abasirikra b’Uburundi kiri i Marura, komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke cahitanye ubuzima bw’abantu, bikavurwa ko ari abasirikare b’Urwanda bajabutse imbibe maze baza gutera ico kirindiro.

Iyo migambwe 11 yateye umukono kuri iryo tangazo yaboneyeho kumenyesha Uburundi n’amakungu ko yiyamirije yivuye inyuma ivyo bitero abasirikare b’Urwanda bakoze ku Burundi busanzwe butekanye na canecane muri kino kiringo buriko buritegurira amatora yo mu mwaka w’2020 mu ntumbero yo gutsimbataza demokarasi biciye mu matora atekanye.

Yaboneheyeho kandi guhoza imiryango yaburiye muri ico gitero yongera yipfuriza abahakomerekeye kuroranirwa mu magara yabo inasaba Reta y’Uburundi gukora uko ishoboye kwose kugira ngo Urwanda ntiruze rusubire kuyivogera canke ngo ruyitere nk’uko bimaze kwibonekeza, itera akamo abarundi kwitegurira gufata mu mugongo inzego z’umutekano igihe cose zizoba zibikenera mu gihe umwasi w’umunyamahanga yoba ateye igihugu c’Uburundi.

Iyo migambwe yemewe n’amategeko ibandanya isaba Reta y’uburundi gushengeza Urwanda imbere y’inzego z’ubutungane za EAC canke z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika  kugira zikore amatohoza yimbitse ataho ahengamiye maze zize zifatire ibihano igihugu gisotoranyi c’Urwanda, nayo ibihu bibanyi bimaze gusotorwa n’ico gihugu arivyo : RDC, Uganda hamwe na Tanzania, iyo migambwe ibihamagarira kuja hamwe maze bifatire ingingo Urwanda kugira ruvavanuro n’iyo ngeso mbi yo kuvogera, gusotora no gutera ibihugu bibanyi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait