UMUGISHA UDASANZWE MURI FOFE FONDATION FEMIDEJABAT.

@Burundibwiza.com mise à jour. Source : Facebook FOFE/

UMUGISHA UDASANZWE MURI FOFE – FONDATION FEMIDEJABAT. Mu ntara nziza ya Kirundo, ejo niho umuryango w’umushingantahe Marc NDUWAMAHORO n’umwamikazi wiwe Divine NINEZA Imana yabatera iteka mukubaronsa amahasa y’abigeme. Abo bavyeyi bari basanzwe bari mu bikorwa vya FOFE, mukugaragaza urukundo n’umunezero bafitiye Fondation Femidejabat baciye babita abo bana babo izina FOFE. Ngo ni izina ry’umugisha mu miryango myinshi, mu benegihugu muri rusangi no ku gihugu cose.Umwana mukuru bamwise : IRISHURA Fofe Bukuru, mutoyi nawe : INEZA Fofe Butoyi.

NINZIZA Divine

Fondation Femidejabat ikaba ikeje uwo muryango wose, na canecane ivyo bibondo ivyifurije kuzoba umugisha munini ku gihugu no kuri beneburundi nkuko icivugo ca Fondation kiri.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *