Umuririmvyi Femi de j’Abat ati : “NDUNAMIYE INTWARI Z’URUGAMBA RW’AMAHORO RW’ABENEGIHUGU: IZITAKIRIHO N’IZIKIRIHO, IZIZWI N’IZITAZWI”.

@Burundibwiza.com mise à jour. Source : Facebook / Nsengiyumva Minani Felicien /

NDUNAMIYE INTWARI Z’URUGAMBA RW’AMAHORO RW’ABENEGIHUGU: IZITAKIRIHO N’IZIKIRIHO, IZIZWI N’IZITAZWI. Ndifatanije n’Abarundi isinzi bakunda igihugu cabo aho bari hose kw’isi mukwunamira izo INTWARI zose zatwitangiye kugira amahoro igihugu cacu gifise aboneke ku Bararundi twese, kugira kandi twese twishire twizane mu bacu no mu vyacu ata wandya canke wangura. Icifuzo nfise nagira nshikirize kuri uno musi, nuko mu mugamwe wacu CNDD-FDD hoza haribukwa mbere hagashimirwa n’INTWARI zarurwanye muburyo butandukanye zikiriho, kuko kubwanje umuntu ntaba INTWARI aruko amaze gupfa, ayiba akiri muzima. Imana ihezagire Abarundi twese hamwe n’imiryango yizo NTWARI, hama tuze nayo turanayibuka tunayifasha. Ndabatuye Abarundi mwese urwo ruririmbo ruri ngaho musi. Fyonda ngaha urwumve.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait