Ibara ryaguye kw’ishure ryo mu Kinama aho umunyeshure yakubishwe n’umurezi munyuma agacikana.

@BurundiBwizaActualité ( BBA ) mise à jour. /

Yitwa NISHIMWE Chadia, yahora yiga kwishure rito ryo mu Kinama ,ECOFI KIDUNGUBWE.  Amakuru twarinse avugako yitavye Imana nyuma yo gukubitwa n’umurezi wiwe maze akaraba. Bagerageje kumujana kwa muganga biba ivy’ubusa aruhira kwitaba Umuremyi.

Amakuru avugako abavyeyi buwo munyeshure yakubiswe akitaba Imana agashavu ngo kari kenshi eka ngo bazindukanye ikiziga kuriryo shure. Abajejwe intwaro bahashitse bafata ikibazo mu minwe.
Umwigisha yakubise uwo munyeshure NITEREKA Lodie akaba yaciye ahunga, igipolisi kiracamurondera.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *