Source : : Radio Télévision Burundi Bwiza RTBB

Inkuru muri VIDEO: fyonda ngaha .
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, yabishikirije kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 kigarama 2025, aho yari kwugurura igituro c’umuyagankuba mu Rubirizi muri komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura.
Umukuru w’igihugu yamenyesheje abenegihugu ko ari ivyo gushima Imana kuko Uburundi bukura uko bwije uko bukeye, ati uyu muyagankuba uje guha icizere abamaze gufata intumbero, akizera ko uyu mwaka atakomine nimwe izoba idafise umuyagankuba mumitumba yayo, yahamagariye abagwizatunga abamenyesha ko uwo muyagankuba ubonetse atari uwo gupfisha ubusa, abasaba kuva hasi bahingure, abenegihugu nabo bave hasi bahingure ivyo bariko barima, abasaba kwama barikanuye kuko umwansi ashobora kubasamburira uwo muyagankuba, basirimuke bubake inzu nziza, abubaka kumabarabara bubake basiga ibarabara kugira haboneke aho gucisha umuyagankuba.
Nayo uwurongoye ishirahamwe Regideso Dr Albert Manigomba, umukuru w’igihugu yamusavye ko abarondera umuyagankuba ko bowuronswa kugira ngo hubakwe izindi ngomero.
Umukuru w’igihugu yakeje ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amasoko na cane uworongoye ishirahamwe Regideso kubikorwa bakoze, n’amashirahamwe yafashije.
Buramatari w’intara ya Bujumbura Aloys Ndayikengurukiye mw’ijambo ry’ikaze, yamenyesheje ko abenegihugu bari kukivi, n’intara ko itekanye, ariko naho biri uko ngo hari ibimenyetso vyerekana ko umwasi ataho araja, amenyesha ko amakomine ashika 8 ahana urubibe n’ibihugu bibiri arivyo : Urwanda na Congo bisaba ko abenegihugu bokwama bagavye kubwo umutekano, ariko kandi ngo intara ya Bujumbura ni intara ifise amahigwe yo gutera imbere. Tubamenyesheko ko umukuru w’igihugu yamanje gutemberezwa asigurirwa ivyiyo nyubako y’igituro c’umuyagankuba.
Déborah Ntakiyisumba Radio Télévision Burundi Bwiza RTBB




Leave a Reply