Burundibwiza.com @RTBB
VIDEO ; Fyonda ngaha

#Abigeme batwara inda z’ishushu bagiye kwibaruka ngo nuko hoba kubategeka ko bavuga banyene izo nda, kuburyo umwana wese avuka sewiwe yamenyekanye.
Ni impanuro umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yahaye abarongoye ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi, mu mubonano wabereye kwa Ntare kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 4 Ntwarante 2025.
Muri uwo mubonano, nk’uko vyashikirijwe na Emérence Bucumi arongoye ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi, yamenyesheje ko bashikirije umukuru w’igihugu bimwe muvyo baranguye, muri ivyo twovuga:
– kwigisha abakenyezi baba amategeko hamwe n’inzego zijejwe gukinga agateka k’abakenyezi,
– Kubigisha kuja mumakoperative, ugutunganya imigambi kugira bashobore kuyisabirako ingurane,
– Barigishije uko ingo zogira umubano mwiza mukubicisha mugushira hamwe ingo zibanye nabi n’ingo zibanye neza kugira bahanehane inyigisho.
Bashikirije kandi ko ihuriro ry’abakenyezi rihura n’intambanyi nk’indero y’abana yatitutse bivanye n’uko abavyeyi umenga batagifise umwanya wo kwitwararika indero y’abana cane yo kuziko, ivyo bigakwega inda z’ishushu usanga n’abana bavutse batamenyekana naba se babo, hakaca haba abana bo mw’ibarabara.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi #Evariste Ndayishimiye yabasavye munyigisho batanga ko ari gukomeza ingo, indero y’abana bagire ico bubaha, bijukire amashure bareke ibibasamaza, yabasavye kandi gutororokanya ingorane zose babona zituma hababikumirwa ry’umukenyezi muvyo gutorana, yemereye abo barongoyeihuriro ry’abakenyezi ko bazokorana nk’ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi kugira batororokanye ingorane abakenyezi bahura nazo.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yaciye yipfuriza abakenyezi umusi mukuru wabahariwe, asaba abo barongoye ihuriro ry’abakenyezi ko bohanura abandi bakenyezi kuzitwara neza nk’abakenyezi b’abarundikazi kuri uwo musi wabahariwe, bongere birimbure.
D N Radio Télévision Burundi Bwiza RTBB
Leave a Reply