Uburundi bwongeye kubura umwe mu nyenyeri nini mu muziki ndundi.

@BurundiBwizaActualité ( BBA ) mise à jour. / UNABUDI irahojeje yongera iremesha umuryango wabuze, Abaririmvyi n’Abacuraranzi bose b’Abarundi n’igihugu cacu c’Uburundi.

Ishirahamwe UNABUDI-Inyenyeri z’Uburundi kw’isi yose ( Unisson des Artistes du Burundi et de la Diaspora ) riri n’umubabaro mwinshi ku bw’urupfu rw’umwe mu nararibonye zakoze bigashimwa mu muziki w’Uburundi ariwe #Jean #Marie #Magloire #NIBIGIRWE rwabereye mu Bubiligi iyo yararwariye. Ishirahamwe UNABUDI rirahojeje ryongera riremesha umuryango wiwe, abaririmvyi n’abacuraranzi bose b’Abarundi aho bari hose n’igihugu cacu cabuze inyenyeri nini. Imana imwakire mu bwami bwayo.

Nsengiyumva Felicien Minani
Umurongozi wa UNABUDI ayiserukira imbere y’Amategeko.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Please reload

Please Wait